Amerika yagabishije ingenzi zayo mu mahanga

  • 3 Ukw’umunani 2013
Ibiro vy'uhagarariye leta zunze ubumwe za Amerika muri Yemen

Itangazo ryasohotse rimenyesha ko hashobora kugabwa ibitero cane cane mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, no mu buraruko bwa Afrika.

Iryo tangazo rije mu gihe Leta zunze Ubumwe za Amerika zari zatangaje ko zigiye kugara bimwe mu biro vy'abaserukira ico gihugu bigera ku 20 ku munsi w'Imana.

Ico kiringo co kwigengesera kizorangira kuwa 31/08/2013, ubutegetsi bwa Amerika bugasaba abanyagihugu babwo bari mu ngendo kuguma barikanuye.

Amakuru ariho n'uko Al Qaeda n'iyindi mirwi bicuditse, ikomeza gutegura ibitero ku banyamerika, mur'ako karere no hanze yako.

Birakekwa ko iyo mirwi ishobora kugaba ivyo bitero mur'iki kiringo kugeza mu mpera z'ukwezi, nk'uko iryo tangazo rivuga.

Rigabisha ko ibibanza bishobora kwibasirwa ar'ibitwara abantu benshi n'ahagenderwa na ba mukerarugendo.

Hagat'aho ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire n'amakungu, bumenyesha ko ibiro vy'uwubuserukira muri Yemen bizoba vyugaye ku munsi w'Imana no kuwa mbere.