BBC navigation

Robert Mugabe yatsindiye kuyobora Zimbabwe

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa munani, 2013 - 18:58 GMT

Perezida Robert Mugabe

Perezida Mugabe, akwije imyaka 89, yaronse amajwi 61% mu matora y'umukuru w'igihugu, Morgan Tsvangirai aronka 34%.

Bwana Tsvangirai yari yavuze ko amatora y'abashingamateka n'ay'umukuru w'igihugu yibwe, avuga ko azokwitura ubutungane.

Yavuze ko MDC itazokwemera gukorana na ZANU-PF ya Robert Mugabe.

Iyo migambwe yasangiye ubutegetsi kuva mu matora aheruka yo mu 2008, yakurikiwe n'imigumuko.

Amatora y'abashingamateka yerekana ko MDC yarushijwe, aho yatahukanye intebe 49 ku 158 za ZANU-P.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru imbere y'uko amajwi y'amatora y'umukuru w'igihugu atangazwa, Morgan Tsvangirai yavuze ko Zimbabwe iri mu kigandaro.

Yavuze ko ayo matora yibwe kandi vyashize Zimbabwe mu kibazo c'ibwirizwanshingiro, ca politike n'ubutunzi.

Ishirahamwe rya Bulaya risanzwe ryarafatiye ibihano bwana Mugabe, rivuga ko ritewe impungenge n'ibivurwa ko abari biyandikishije batatoye bose.

Umurwi munini kurusha iyindi mu yahagarikiye ayo matora, wemeza ko ibibazo vy'abiyandikishije ntibashobore gutora vyabonetse cane mu bice birwiriyemwo abanywanyi ba MDC.

Umwe muri bagize umurwi ujejwe amatora yaraye atanze imihoho kubera uburyo ayo matora yatunganijwe.

Ariko imiryango y'Ubumwe bwa Afrika na SADC yarashimye uko ayo matora yatunganijwe, Afrika y'Epfo nayo igasaba abavuga ko habayemwo utunenge gutanga ivyemezo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.