Brezil: Abapolisi 25 bahamwe n'ubwicanyi

Brezil, urubanza rwa Carandiru

Umwe wese mu bapolisi b'intwazangabo yahanishijwe gupfungwa imyaka 624 kubera urupfu rw'aba nyororo 52.

Abo bapolisi baguma bidegenvya mu gihe urubanza rwungurujwe rutaracibwa.

Abababuranira bashobora gusaba ko ibihano bahawe bisubirwamwo kwihweza, mu gihe urubanza rwose ruzoba rumaze kurangira, mu kwezi kwa mbere umwaka uza.

Abo bapolisi, barimwo icenda bakiri ku mirimo yabo, bazoca bava mu kazi, nk'uko bivurwa n'ikinyamakuru O Globo.

Akaguma katanguye kukwa 02/10/1992, aho abanyororo babiri batase, bigahava bitandukira imirwi ikebana igatana mu mitwe mur'iryo bohero ryarimwo abantu ibihumbi icumi.

Abanyororo bavuga ko igipolisi kijejwe gucuresha intureka cakoresheje inguvu mu guhosha ako kaguma.

Uwuburanira abo bapolisi, Leda Ribeiro de Souza, yavuze ko bariko bakora umurimo wabo kandi ko birwanyeko kuko benshi mu banyororo bari bafise ibirwanisho.

N'ubwo imigumuko imenyerewe muri Brezil, igitigiri kinini c'abahasize ubuzima no guteba gushira imbere y'intahe abaregwa vyateye abanyagihugu agashavu.

Carandiru yugawe mu 2002, inyuma y'aho abanyororo batunganirije imigumuko m umabohero 27 hirya no hino muri Sao Paulo bagafata ingwati ababagendeye.

Mu 2001, colonel Ubiratan Guimaraes yayoboye igikorwa co guhosha imigumuko yo mw'ibohero rya Carandiru yahamijwe icaha co gukoresha inguvu z'umurengera.

Ariko yahavuye agirwa umwere mu 2006, amaze kunguruza urubanza.

.