Igisasu ku biro vy'userukira Ubuhinde muri Afghanistan

  • 3 Ukw’umunani 2013
Abapolisi bariko bagendagenda ahabereye igitero c'abiyahuzi Jalalabad

Abiyahuzi batatu bagiye mu modokari imbere yo guturitsa ibisasu, nk'uko igipolisi kibimenyesha.

Haciye humvikana urwamo rw'inkoho ivyo bisasu bikimara guturika igihe c'isaha zine muri Afhganistan (icumi na zibiri n'igice kw'isaha mpuzamakungu).

Abenshi mu bashikiriwe n'ivyo bisasu bari ku musigiti wo hafi yaho.

Abantu batari munsi ya 23, barimwo abana bakomerekeye mur'ico gitero ca Jalalabad, nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi.

Igipolisi kivuga ko intumbero y'abo biyahuzi kwari ugutera ibiro vy'uhagarariye Ubuhinde.

Ababibonye babwiye BBC ko umwe muri bene gutera ivyo bisasu yabajije inzira ija ku biro vy'uhagarariye Ubuhinde, gato imbere yo kumva biturika.

Habonetse ikinogo kinini cane mw'ibarabara, hafi y'amaduka n'izindi nzu zononekaye cane.

Inyubakwa z'Ubuhinde muri Afghanistan zari zimaze guterwa na mbere.

Jalalabad yari imaze guterwa incuro nyinshi n'aba Taliban, harimwo igitero c'ibisasu cagabwe ku kibuga c'indege caho mu mwaka uheze.