BBC navigation

Umugambwe wa Mugabe watsindiye intebe nyinshi

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa munani, 2013 - 18:59 GMT
Robert Mugabe

Robert Mugabe w'imyaka 89 ari ku butegetsi kuva 1980

Umugambwe wa Prezida Robert Mugabe waronse intebe nyinshi mu nama nshingamateka mu matora yabaye kuri uyu wa gatatu, nk'uko abategetsi babivuga.

Ku ntebe zimaze gutangazwa abazitsindiye, umugwi ujejwe amatora muri Zimbabwe wavuze ko Zanu-PF waronse intebe 137 ku 210 zigize inama nshingamateka, habuze gato ngo ukwize intebe zibiri kuri zitatu(2/3).

Ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu vyo ntibiratangazwa.

Uwahiganwa na Mugabe , ministre wa mbere Morgan Tvangirai we avuga ko ayo matora atagenze uko bikwiye.

Tsvangirai w'imyaka , 61, arongoye umugambwe Movement for Democratic Change (MDC) bubaye ubwa gatatu ahiganwa na Robert Mugabwe afise imyaka 89.

Imbere y'uko ivyavuye muri ayo matora bitangura gutangazwa, imigwi ibiri y'abagiye kurorera ayo matora yari yatangaje ko yabaye mu bwisanzure no mu mahoro.

Olussegun Obassanjo yari arongoye intumwa za Africa yavuze ko utugorane twaciyemwo muri ayo matora yabaye ku nwa gatatu tudashobora guhindura ivyayavuyemwo.

Ariko umugwi wa mbere munini mu kigira abakurikirana amatora benshi imbere y'aho wari wavuze ko amatora yagiyemwo utunenge dukomeye cane.

Uwundi mugwi w'abakuriranye amatora kw'izina rya Southern African Development Community SADC wasavye ko impande zompi zokwubahiriza ivyavuye mu matora.

Umukuru w'uwo mugwi Bernard Membe, yabwiye abanyamakuru ko SADC ibona ko amatora yabaye mu bwisanzure ariko itaremeza ko atagiyemwo akanenge--haracari kare kubikora nk'uko yabivuze.

Umugwi ujejwe amatora muri Zimbabwe ufise iminsi itanu kugira ube ewatangaje ivyayavuyemwo.

Muri Zimbabwe birabujijwe n'amategeko gutangaza ivyavuye mu matora bidatanzwe n'inzego zibijejwe. Igipolisi cagabishije ko kizofata uwo wese azogeregeza gushira ahabona ivyavuye mu matora bitaramenyeshwa icese.

Amategeko agenga amatora avuga ko hamwe ata witoje ku kibanza c'umukuru w'igihugu yoronka amajwi arenga 50 kw'ijana, hoca haba incuro ya kabiri y'amatora kw'itariki 11 z'ukwezi kw'icenda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.