Muri Zimbabwe batanguye guharura amajwi y'amatora

  • 1 Ukw’umunani 2013
Guharura amajwi yavuye mu matora muri Zimbabwe

Umushikiranganji wa mbere Morgan Tsvangirai avuga ko amatora y'ejo yabaye ikinamico gusa.

Bwana Tsvangirai, yitoje ku mwanya w'umukuru w'igihugu ku ncuro ya gatatu ahangana na Perezida Robert Mugabe.

Avuga ko iterabwoba no kunyuruza amakarata yo gutorerako yagiriza ZANU-PF bisigura ko ayo matora yabaye impfagusa.

ZANU-PF yo yamaze kuvuga ko intsinzi ari iyayo.

Umurwi munini gusumba iyindi mu yahagarikiye ayo matora ya Zimbabwe wamaze kuvuga ko atokwizerwa, aho abantu barenga miliyoni batashoboye gutora.

Uwuyoboye indorerezi z'Ubumwe bwa Afrika Olusegun Obasanjo, avuga ko mu ntango yabonye ko ayo matora yariko agenda neza.

Bwana Robert Mugabe ubu akwije imyaka 89, yitoje ku mwanya w'umukuru w'igihugu ku ncuro igira ndwi.