US: Umuji wa Detroit watangaje ko wahonvye

  • 19 Ukw’indwi 2013
Detroit

Umuji wa Detroit utangaza ko wahonvye ubutakivayo mu gutakaza miliyaridi zigera kuri 18 z'ama dollari ya Amerika, uwo muji ugasaba gukingirwa kwishuzwa.

Uwo muji wataziriwe Motor City kubera imiduga myinshi yahahingurirwa, ubu watakaje 2/3 vy'abari basanzwe bahaba, baja kuronderera ubuzi ahandi.

Uretse amadeni aharurwa muri miliyaridi 18, kur'ayo madeni hiyongerako ibindi bikorwa vy'ubuzima bwa minsi yose umuji ugomba kurihira amafaranga.

Bulamatari w'intara ya Michigan Rick Snyder, yavuze ko n'ubwo Detroit yashikanywe hasi no gutangaza ko yasuruye, ibi ngo bizotuma yongera kuvyura agatwe inyuma y'imyaka hafi 60 imaze mw'irindimuka ry'ubutunzi.

Wasavye gukingirwa abawuhaye amadeni, barimwo ibigo biziganya amahera y'abakozi.