DRC: Umusirikare yarezwe gufata nabi ibiziga

  • 19 Ukw’indwi 2013
Abasirikare ba FARDC iKanyarucinya

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa leta ya Congo Lambert Mende, yabwiye BBC ko Lieutenant Solomo Bangala yafashwe ejo ku wa kane n'igisirikare.

Ifatwa ryiwe ryakurikiye intambara hagati y'abasirikare ba leta FARDC n'abarwanyi ba M23 hafi ya Goma.

Rikurikiye kandi amajambo yari yavuzwe n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Ban Ki Moon ku bikorwa bibi bijanye no gufata nabi imbohe zo mu ntambara, ndetse n'ibiziga vy'abayiguyemwo, biregwa ingabo za Congo.

Urwego MONUSCO rw'ishirahamwe mpuzamakungu ruriko rwihweza gusubiramwo uburyo rukorana n' imwe mu mirwi y'ingabo za Congo kuber'ivyo birego.