BBC navigation

Misiri: Umukuru wa Muslim Brotherhood agomba gufatwa

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa karindwi, 2013 - 12:34 GMT
Umukuru wa Muslim Brotherhood, Mohamed Badie

Umukuru wa Muslim Brotherhood, Mohamed Badie

Umushinjacaha wa leta ya Misiri yasohoye umutahe wo gufata umukuru w'umugambwe Muslim Brotherhood, Mohamed Badie.

Yagirizwa kuba yarateje imigumuko hafi y'ikiko c'igisirikare i Cairo ku munsi wa Mbere, hagapfa abantu barenga mirongo itanu.

Benshi muri abo bapfuye, bari abashigikiye umukuru w'igihugu yatembagajwe, Mohammed Morsi, wo mu mugambwe Muslim Brotherhood.

Brotherhood yagirije abajejwe umutekano kuba baragandaguye abantu bari mu myiyerekano y'amahoro.

Ariko igipolisi n'igisirikare bavuga ko bariko barivuna.

Umushikiranganji mfata kibanza aheruka kugenwa aracariko aragerageza gushinga leta, nyuma y'indwi imwe igisirikare gitembagaje bwana Morsi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.