Misiri:Abashigikiye n'abarwanya Morsi mu mabarabara

  • 7 Ukw’indwi 2013
imyiyerekano ku ruhande rw'abashigikiye Morsi

Abashigikiye bwana Morsi bahuriye hanze y'umusigiti n'ikambi ya gisirikare mu murwa mukuru Cairo, basaba ko yosubizwa ku butegetsi.

Abamwiyamiriza nabo bakoraniye ku kibuga ca Tahrir.

Bwana Morsi, yari abaye umuperezida wa mbere ategetse Misiri biciye mu matora, ubu arapfunzwe kumwe n'abandi bategetsi b'umugambwe wiwe Muslim Brotherhood.

Yasubirijwe ku butegetsi ku munsi wa kane na Adly Mansour yari umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, yavuze ko azotunganya amatora vuba ariko atatanze isango.

Indege za gisirikare

Igisirikare carungitse ingabo mu murwa mukuru Cairo no mu yindi mihingo.

Abantu 30 barishwe abandi bagera ku 1000 barakomereka mu myiyerekano yabaye ku munsi wa gatanu hirya no hino mu gihugu.

Abashigikiye Morsi bamaze indwi irenga bashinze insago hanze y'umusigiti wa Rabaa al Adawiya muri Cairo.

Uyu munsi bamwe muri bo berekeje kw'ikambi y'abasirikare bajejwe gucungera umutekano w'umukuru w'igihugu.

Uwundi murwi w'abashigikiye Morsi werekeje ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Indege za gisirikare zakomeje kugenzura ikirere zigenda zirekura imyotsi y'amabara atukura, iryera n'iryirabura; amabara y'ibendera ya Misiri.

Kugeza ubu nta kajambo ku bijanye n'uko Mohammed ElBaradei yoba yemejwe nk'umushikiranganji wa mbere.