ONU: U Rwanda rwagabanije gufasha M23

  • 4 Ukw’indwi 2013
Abasirikare ba M23 i Mutaho, 15 Km uvuye Goma
Abasirikare ba M23 i Mutaho, 15 Km uvuye Goma

Iceranyo gishasha ca ONU ku ntambara mu buseruko bwa Kongo cabonetse mu mpisho kivuga ko u Rwanda ubu ruha imfashanyo nkeyi umugwi M23.

Ico cegeranyo kandi kivuga ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko Uganda yoba igifasha uwo mugwi urwanya leta ya Kongo.

Ivyegeranyo vyabanjirije vyagirije u Rwanda na Uganda kuba bikongeza ingwano mu buseruko bwa Kongo, bikanavuga ko leta ya Kigali yahaye ibirwanisho n'abasirikare umugwi M23.

Ivyo bihugu vyombi ariko vyamye bihakana ivyo vyagirizwa.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko u Rwanda rushobora kuba rwarashize igitsure kuri ONU kugira ihindure ivyo yabonye mu matohoza.

Iki cegeranyo kandi kivuga ko hari ibimenyetso vy'uko leta ya repubika iharanirwa intwaro rusangi ya Kongo, ikorana n'abarwanyi ba FLDR, umuhari urwanya leta y'u Rwanda.

Leta ya Kongo ariko ivyo irabihakana, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Lambert Mende, akaba yavuze ko bishoboka ko hari abasirikare baca ku murongo, ngo ariko leta nta gufashanya na kumwe ifitaniye na FDLR.