Kurondera abarokotse Oklahoma vyarangiye

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa gatanu, 2013 - 06:02 GMT

Ibisigarira vy'ahasambuwe n'igihuhusi Oklahoma

Umukuru w'umurwi ujejwe ubutabazi Gary Bird, avuga ko yemeza kuri 98% ko ata muntu agishobora gutorwa mu bihomoka, yaba muzima canke ikiziga.

Ico gihuhusi cahitanye abana icenda, basanze carimwo agashururwe ka mbere gakomeye.

Cari gitekeye imiyaga irenza umuvuduko wa kilometero 320 kw'isaha, aho cakubuye kigatongora umuji wa Moore ku nkengera za Oklahoma.

Bulamatari wa Oklahoma Mary Fallin, yavuze ko abapfuye bashobora kuba ari 24, kuko hari ibiziga bishobora kuba vyashotse bijanwa mu mazu yo kubitegura imbere yo gushingurwa.

Ibiziga vyavugwa ko ari 51 vyongeye gusubirwamwo guharurwa, igihe umuganga amariye kumenyesha ko hari abazize ico gihuhusi boba baharuwe kabiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.