BBC navigation

Igisikare ca Nigeria kizoruhuka gitujije Boko haram

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa gatanu, 2013 - 06:46 GMT

Igisirikare ca Nigeria mu guhiga Boko Haram

Brigadier general Chris Olukolade, umuvugizi w'igisirikare ca Nigeria, yabwiye BBC ko intumbero yabo ar'ukubahiriza kutavogerwa kwa Nigeria nk'igihugu gifise imbibe zubahirijwe.

Amatageko y'umukwa yari yashizwe ku masaha 24 mu muji wa Maiduguri, aho abasirikare bamenyesha ko bafashe abantu 65, kivuga ko ari abakora iterabwoba.

Maiduguri nico cari icicaro giukuru c'umutwe wa Boko Haram.

Mu ntango z'iyi ndwi, perezida wa Nigeria Goodluck Jonathan yashinze amategeko y'umukwabu muri leta zitatu za Borno, Adamawa na Yobe, inyuma y'ibitero bikaze vyakorwa n'imitwe irimwo na Boko Haram.

Brigadier general Olukolade yavuze ati:"igisirikare kizobandanya igikorwa caco kugeza ata gace na kamwe k'ubutaka bw'igihugu cacu kazoba kakivurwamwo abo bagumutsi" .

Twafashe umwanya uhagije mu kwitegura

Yabwiye BBC ko iki gikorwa co gutuza iyo mirwi categuwe neza kandi bagifatiye umwanya muremure wo kugitunganya.

IGisirikare cari cagenye ibice 12 vyo mu muji wa Maiduguri, umurwa mukuru wa leta ya borno, dutegerezwa kugumamwo amategeko y'umukwabu aamsaha 24.

Abahari bavuga ko igisirikare cahagarika amadokari ya camions kiyabuza kwinjira mu muji.

Igisirkare cemeza ko hafashe abantu 65 bakekwa kuba bahigwa, ariko ayo makuru ntaratohozwa n'impande atahon zegamiya.

Abasirkare bemeza kandi ko hari 10 bo mur'uyo mutwe baguye mur'ivyo bitero vyo kubahiga mumuji wa Maiduguri ku munsi wa gatanu, hafatwa n'ibirwanisho.

Indege za gisirkare zasambuye ibigo abo barwanyi bari basanzwe bakoreramwo imyimenyerezo.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika John Kerry avuga ko hari ibimenyetso vyokwizerwa bigaragaza ko ingabo za Nigeria zahungabanije ubuzima bwa kiremwa muntu.

Yateye akamo ingabo za Nigeria gukoresha "discipline" mu bikorwa vyazo vyose, no gukingira abanyagihugu ndetse no kubahiriza uburenganzira bwa muntu n'ayandi mategeko.

Mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze, ishirahamwe Amnesty International ryagirije igisiriare ca Nigeria guhohotera abantu mu gikorwa co guhiga bao mu mutwe wa Boko Haram.

Abantu barenga 2000 nibo bamaze mu bwicanyi kuva mu 2010, ahenshi bwagiye burerwa abo mu mutwe wa Boko Haram.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.