BBC navigation

Kenya:abarwaye mu mutwe batorotse ibitaro

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatanu, 2013 - 11:32 GMT
Kenya

Abantu 40 barwaye mu mutwe batorotse ibitaro vy'abarwaye mu mutwe vya Mathari ku murwa mukuru wa Kenya Nairobi nyuma y'aho abacungera ibitaro bananiriwe no kubatangira.

Ubu abo barwayi bariko bararonderwa iyo bagiye mu gihe bamwe muri bo bazwi ko bagwana nk'uko igipolisi cabibwiye BBC.

Ikinyamakuru co muri Kenya Standard canditse ko abo barwayi batorotse ivyo bitaro vya leta inyuma yo kwidoga ko imiti bahabwa ataco yabamarira.

Mathari nivyo bitaro binini cane vy'abarwaye mu mutwe muri Kenya.

Mu 2011, imigwi y'abaharnira ageteka ka zina muntu barasavye ko haba amatgohoza ko vyavugwa ko hari ugufata abantu nabi muri ivyo bitaro inyuma y'ikiganiro cari caciye kuri CNN citwa ''Locked up and Forgotten''('Barugaranywe kandi baribagiwe).

Abanyamakuru ba CNN bavuze ko babonye ikiziga cugaraniwe hamwe n'umurwayi mu cumba ca wenyene.

Umwe mu bakuru b'igipolisi muri Kenya Moses Ombati yabwiye BBC ko abo barwayi bagumutse mu nyuma bakarusha inguvu abacungera ibitaro gutyo babona gutoroka.

Ibitaro vyamenyesheje igipolisi ku wa mu ngu ko abo barwayi batorotse.

Igipolisi cemeza ko gifise ibiraranga vyose ko bitazogorana kubatora.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.