Umurundi mw'igerageza ry'isabuni yirukana imibu

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kane, 2013 - 18:06 GMT

Umubu utera malariya

Umurundi Gerard Niyondiko n'umunya Burkina Faso Moctar Dembele, begukanye agashimwe kubera gukora isanubi yirukana imibu itera malariya.

Abo banyeshure ba kaminuza bageze mu wa mbere wa Masters, bateganya kubandanya umugambi wabo bagakwiza iyo sabuni ku masoko.

Barateganya ko iyo sabune nimara gushyirwa ku masoko izaba ifite igiciro kitarenze ic'amasabune asanzwe abantu baciriritse basanzwe bagura.

Uyu mugambi wabo washimwe ko ari uwa mbeer mu migambi ifise akamaro kanini kurusha iyindi ku banyagihugu canke ku bidukikije.

Mu bikoresho bihungurwamwo iyo sabuni yirukana imibu harimwo "beurre de karite", isanzwe ikoreshwa mu masabuni n'amavuta yo kwisiga.

Mu bushakashatsi bwabo bashiramwo n'ibindi bihingurwa mu biterwa bifise ububasha bwo kwirukana imibu.

Ububasha bazoha iyo sabune buzotuma akamoto kayo kirukana imibu kamara amasaha atandatu ku mubiri iyo umuntu ayikoresheje mu koga.

Gerard Niyondiko na Moctar Bembele, bateganya ko mu mpera z'umwaka uza bazoba bashinze uruganda rwabo rukora rugakwiragiuza iyo sabune idasanzwe.

Baravye ibikoresho bayihinguramwo, baremeza ko izoba ifise igiciro nk'ico izindi sabuni zisanzwe ziri ku masoko abantu bakoresha buri munsi.

Muri BUrkina Faso, igurwa 300 CFA.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.