Papa Francis:abihebeye imana bashurashuje abana ni bakurikiranwe

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa kane, 2013 - 14:26 GMT
Papa Francis

Bubaye ubwa mbere Papa Francis avugira ku mugaragaro ikibazo c'ugushurashuza abana

Papa Francis yasavye ko hatirwa ingingo ziokomeye abapatiri bashurashuza abana ubwo yari avuze ubwa mbere ku mugaragaro kuri ico kibazo.

Yabwiye Musenyeri Gerhard Mueller, ajejwe igisata c'ingingo z'ukwemera, urwego rwa Vatican ruraba amabi ajanye n'igitsina, ko abayagirizwa bategerezwa kuyahanirwa.

Umwe mu migwi y'abantu iharanira agateka k'abakorewe bene ayo mabi wavyakiranye icizere gito cane uvuga ko 'ibikorwa bicuga cane kurusha amajambo'.

Papa Fransis yatowe mu kwezi guheze ngo asubirire Papa Emerite Benedicto yabaye uwa mbere mu gutanga imihoho mu myaka amajana atandatu.

Igihe yatorwa, Benedicto wa 16 yari yiyemeje kwirukana abapatiri bacafujwe n'icaha co gushurashuza abana ariko abamunegura bamwagirije ko ahubwo yapfukiriye ivyaha vyari vyakozwe muri kahise kandi akananirwa no gukingira abana amabi y'abapatiri babashurashuza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.