Umutekano urakajijwe i Sinai mu Misiri

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatatu, 2013 - 14:20 GMT
Ibiduga vy'ingwano vya Misiri i Sinai

Ibiduga vy'ingwano vya Misiri i Sinai

Mu gace ka Sinai mu misiri hashizweko amategeko yo mu bihe bihambaye.

Abajejwe umutekano mu Misiri bavuga ko iyo ngingo yafashwe nyuma y'aho baronkeye amakuru y'uko abarwanyi ba Ki Islam bashaka kugaba ibitero ku nyubakwa za leta.

Ako karere gahana urubibe na Israel, kamye gahura n'ibibazo vy'umutekano muke.

Muri ano mezi, abajejwe umutekano mu Misiri bamaze igihe bategura ibikorwa bijanye no kugarukana umutekano, kandi ibiro biserukiye Ubwongereza vyagabishije ko ibitero bishobora kuba igihe ico arico cose.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.