Venezuela bararirira Hugo Chavez

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatatu, 2013 - 16:08 GMT
Chavez mourners

Abanye Venezuela baririra Hugo Chavez nk'umuvyeyi wabo

Abantu amajana n'amajana bari mu ma barabara y'umurwa mukuru Caracas kugira babone isandugu irimwo ikiziga c'umukuru wabo Hugo Chavez.

Nyina yarize afatiye umswaro wera mu maso igihe abasirikare barengana bateruye isandugu bava mu bitaro.

Iyo sandugu ifutswe n'ibdenera ry'igihugu ubu ari iracishwa muri iryo sinzi ry'abantu, abenshi baguma baduka bakarira.

Bambaye udupira canke inkofero bitukura, ibara rya revolution yazanywe na Hugo Chavez.

Ico kiziga kijanywe mw'ishure ryua kaminuza ya gisirikare aho abantu bazoja kumusezerera imbere y'uko ashingurwa ku wa gatanu.

Kuri benshi, umengo noi nk'uko boba babuze umuntu wo mu muryango iwabo.

'Intwari ikomeye iradusize,umuvyeyi. Umuntu yatwigishije guca mu nzira ya revolution', ivyo vyavuzwe na Ali Dominguez, umunyeshure.

Ariko mu karere ka Los Palos Grandes kabamwo abantu bifisse batavuga rumwe n'ubutegetsi, amabarabara yari yamaze kugaragara mu masaha ya mbere y'umugoroba.

Abantu bagiye kuri Twitter guhererekanya ico bibaza.

Sindi mu minsi mikuru na gato, nibaza gusa ko kabaye akaryo gashaha ko kuronka kazoza keza kuruta, uwo ni Sharon fandino.

Chavez yari amaze umwaka urenga arwaye cane cancer. Yari amzxe iminsi mike atashe avuye kwivuza muri Cuba aho yakozwe cancer incuro zine zose.

Umukuru w'igihugu wa Venezuela, Hugo Chavez, yitavye Imana afise imyaka 58 nyuma y'imyaka cumi n'ine ku butegetsi.

Bwana Chavez yari amaze umwaka urenga arwaye cane indwara ya cancer, akaba yarabazwe kenshi muri Cuba, kandi yari amaze amezi menshi atagiye ahabona.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Elias Jose Jaua Milan yamenyesheje ko hagiye kuba icunamo c'iminsi indwi, anavuga ko ikiziga ca bwana Chavez gishizwe aho bazomusezerera ubwa nyuma gushika ashinguwe kuwa Gatanu.

Icegera c'umukuru w'igihugu, Nicolas Maduro, niwe azoca aramutswa igihugu gushika itariko y'amatora ishizweko mu minsi 30.

Bwana Jaua yabariye television ya leta ati: "Nico kigorwa Comandante Presidente Hugo Chavez yadushinze", yongera ko yuko bwana Maduro nawe azoja mu bitoreza kuba umukuru w'igihugu kw'izina ry'umugambwe uri ku butegetsi PSUV, ariko ntibiramenyekana neza igihe amatora azoba.

Uburwayi bwa bwana Chavez bwatumye atarahirira amabanga yo kurongora igihugu amaze gutorwa ubugira gatatu mu kwezi kw'icumi guheruka, kandi umukuru w'inama nshingamateka Diosdado Cabello, vyari vyitezwe na bamwe ko ariwe aca afata ubutegetsi mfatakibanza nyuma y'urupfu rw'umukuru w'igihugu.

Ariko ntiyari kumwe n'abanye politike hamwe n'abakuru b'igisirikare bari bakikuje bwana Chave igihe yacikana.

Umwe mu bakuru bagaragara cane muri Amerika y'ubumanuko

Bwana Chavez yari umwe mu bakuru b'ibihugu batarya umunwa bo muri Amerika y'ubumanuko, akaba yaragiye ku butegetsi atsinze amatora mu 1998, akaba kandi yaheruka gutsindira ikindi kirongo c'imyaka itandatu mu kwezi kw'icumu 2012.

Leta yiwe yashize mu ngiro imigambi myinshi ya politike yo guhuriza hamwe umutungo, harimwo kuronsa inyigisho hamwe n'ubuvuzi kuri bose.

Ariko ubukene n'ibura ry'akazi biracagwiriye henshi, naho igihugu gifise ubutunzi bwinshi bw'ibitoro.

Mu kwezi kwa gatunu kw'umwaka uheze, uwo mugabo yahoze ari umusirikare akoroka mu mutaka, yavuze ko yakize indwara ya cance itavuzwe iyo ariyo nyuma yo kubagwa no kugirirwa ubuvuzi bwa canccer mu 2011 arasubira kandi mu kwa kabiri 2012.

Ariko mu kw'icumi na kabiri, yamenyesheje ko akeneye gusubira kubagwa muri Cuba, aca amenyesha ko bwana Maduro ariwe ashaka ko amusubirira.

Bwana Chavez yasubiye muri Venezuela mu kwezi kwa kabiri, ariko agumizwa mu bitaro.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.