Umunyamakuru Ruvakuki yapfunguwe ngo 'aje kwivuza'

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatatu, 2013 - 17:56 GMT
Hassan Ruvakuki

Hassan Ruvakuki yari apfungiywe mw'ibohero i Muramvya

Hassan Ruvakuki yavuye mu munyororo inyuma y’ umuhingamo , ariko ngo ntarekuwe burundu, yarekuwe kugira aje kwivuza n'ubwo igihe azomara yivuza kitavuzwe ingene kireha.

Kari akanyamuneza mu rugo kwa Hassan Ruvakuki aho yasanze abantu benshi barindiriye kumusanganira harimwo harimwo n’ abamenyeshamakuru.

Akiva mu munyororo yabwiye BBC ko afise umunezero wo gusubira kubona n’ umuryango inyuma y’ umwaka urenga apfunzwe

Umwana wiwe yavutse ari mw'ibohero ubu afise umwaka n'amezi abiri.

N'aho biriko mu muryango w’ abamenyeshamakuru n’ umunezero nkuko Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’ abamenyeshamakuru abivuga.

'Twobikenguruka ariko tukabandanya dusaba ababijejwe ko bobinyarutsa kugira Hassan arekurwe Burundu kuko turazi ko ata kibi yakoze yakoze umwuga wiwe gusa'.

Hassan Ruvakuki yari yapfunzwe mu mwaka wa 2011 yagirizwa iterabwoba ahava acirwa umunyororo w’ ubuzima bwiwe bwose na sentare ya Cankuzo mu buseruko bw’ Uburundi.

Ariko aho yungururije muri sentare isubiramwo ya Gitega, ico gihano cahindutse imyaka itatu kuko n'ico yagirizwa cahindutse. Iyo sentare yamwagirije ko yaakoranye n’ umugwi w’ inkozi z’ ikibi.

Hassan Ruvakuki yagumye ahakana icaha avuga ko yakoze umwuga wiwe gusa.Yakorera radio BOnesha FMI n'igisata c'igiswahili ca RFI.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.