Ubutunzi buracagabanuka mu gace ka euro

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa kabiri, 2013 - 15:11 GMT

Amanoti b'ibiceri vy'amaeuro

Ibiro vy'ishirahamwe rya Bulaya bijejwe gusuzuma uko ibintu vyifashe hakoreshejwe ibiharuro, vyerekana ko umwimbu mur'ako gace ka euro wagabanutse ko 0.6 %.

Iryo gabanuka ngo ni rinini ugereranije n'ikiringo ca gatatu c'umwaka c'amezi atatu nyene.

Ubudagi, Ubufaransa n'Ubutaliyano, ibihugu biharurwamwo ubutunzi bumeze neza kurusha ibindi, naho nyene ubutunzi bwaragabanutse gusumba uko bari bavyiteze.

Mu karereka euro, Slovakia na Estonia ni vyo bihugu vyonyene vyabonye ubutunzi bwavyo bwiyongera.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.