BBC navigation

Papa Benedicto aratanguza ikarema

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa kabiri, 2013 - 12:37 GMT

Papa Benedicto wa XVI

Papa yabonetse akeye, imbere y'isinzi ry'abantu bamwakirije amashi imbere y'uko ashikiriza ijambo.

Yavuze ko yasezeye ku neza ya Ekleziya Katolika.

Papa Benedicto yavuze ko azi neza ko ingingo yafashe itoroshe.

Ariko kandi ngo nta ntege z'umubiri n'iz'umutima zikwiye yar'agifise, zomushoboza gukomeza amabanga yashinzwe.

Papa arashikiriza inkuka y'imisa yo gutanguza ikarema, kur'uno munsi w'iminyota, muri Basilique Saint Pierre.

Uyu n'umwe mu minsi ya Ekleziya ihambaye Papa ashigaje kuyobora, imbere yo gusezera mur'ayo mabanga mu mpera z'uku kwezi.

Biteganijwe ko kuri pasika Ekleziya katolika izoba iramutswa umwungere mushasha.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.