BBC navigation

Vatikano: Ibikorwa Papa asigaje

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa kabiri, 2013 - 12:56 GMT
Papa Benedict wa 16 umunsi atorwa mu kwa Kane 2005

Papa Benedict wa 16 umunsi atorwa mu kwa Kane 2005

Ibiro vya Papa i Vatikano vyamenyesheje bimwe mu vyo Benedict wa 16 azokora gushika ku tariki azotangirako imihoho icese.

Nyuma y'umunsi umwe Papa Benedict amanyesheje ko azotanga imihoho, Vatikano yavuze ko ata ndwara iyi canke iriya yabiteye.

Umuvugizi w'ibiro vya Papa i Vatikano, Cardinal Federico Lombardi, yavuze ko Papa amaze igihe yambara akuma gafasha umutima wiwe gutera neza, ngo ariko muri rusangi afise amagara meza.

Yavuze ko Papa azosoma imisa mu kibanza ca St Pierre ku tariki 27 z'ukwa Kabiri, hasigaye umunsi umwe ngo atange imihoho.

Biranugwanugwa ko umu Papa azokurikira ashobora kuba ava muri Amerika y'ubumanuko canke muri Afrika.

Vatikano ivuga ko yizeye ko umu Papa mushasha azotorwa n'umugwi w'aba cardinal bajejwe kumutora, imbere ya Pasika.

Mwene wabo na Papa Benedict, Georg Ratzinger, yabariye BBC ko azoguma i Roma kwiga, ngo ariko ntazokwivanga mu kazi k'uwuzomusubirira.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.