BBC navigation

Ubutegetsi bwa Tunisia ntibuvuga rumwe

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa kabiri, 2013 - 14:10 GMT

Imyiyerekano muri Tunisia 07/02/13

Umushikiranganji wa mbere wa Tunisia Hamadi Jebali, yari yatanze icifuzo co gushinga leta nshasha igizwe n'abahinga, inyuma y'iyicwa ry'umukuru umwe mu batavuga rumwe na leta.

Umuvugizi w'umugambwe Ennahda yamenyesheje ko umushikiranganji wa mbere, atigeze agisha inama abandi mu mugambwe ko agiye gusesa leta ihasanzwe.

Abarongoye amashirahamwe y'abakozi bamenyesha ko hazoba imyiyerekano mu gihugu hose ku munsi wa gatanu, izohurirana no gushingura Shakri Belaid.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza leta yaciye yaduka inyuma y'urupfu rwa Shokri Belaid mu murwa mukuru Tunis kuwa gatatu.

Uyu mugabo yar'azwi ko atarya umunwa mu kunegura umugambwe uri ku butegetsi Ennahda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.