Obama abwira abanye Kenya kwitwara neza mu matora

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa kabiri, 2013 - 13:37 GMT
Barack Obama

Barack Obama

Umukuru w'igihugu wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yasohoye video asaba abanyagihugu ba Kenya, igihugu se akomokamwo, kwirinda ubugizi bwa nabi n'iterabwoba mu matora yimirije.

Ubutumwa bwa Obama bwaciye ku rubuga YouTube, butanguzwa n'ijambo ry'indamutso mu Gishwahili.

Yavuze ko ayo matora ari akaryo ku banye Kenya ko kuja hamwe bakerekana ko batari gusa abava mu moka aya canke ariya, ko ahubwo ari abanyagihugu b'igihugu ciyubashe.

Amatora atumvikanyweko mu 2007, yakweze ubwicanyi bwahitanye abantu barenga igihumbi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.