ONU: Afrika ni hamwe mu habangamiwe n'ubumara bwa mercure

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa mbere, 2013 - 13:32 GMT
Abakozi mu kirombwe c'inzahabu muri Afrika y'epfo

Abakozi mu kirombwe c'inzahabu muri Afrika y'epfo

Umuryango mpuzamakungu ONU wagabishije ko ibice vya Afrika, Asia hamwe na Amerika y'ubumanuko bibangamiwe cane n'ubumara bwa mercure bwonana umwuka.

Icegeranyo ca ONU kivuga ko ukwiyongera kw'ibirombwe bimbamwo ubutare hamwe n'ugukoresha cane ibitoro biva mu kuzimu mu bihugu nk'Ubushinwa, bituma harekurwa mu kirere ubwo bumara bwinshi.

Mu bice bibangamiwe cane kurusha ibindi kw'isi, ONU ivuga Amerika y'ubumanuko hamwe na Afrika yo hepfo y'ubugaragwa bwa Sahara.

Ngo muri ivyo bice ubumara bwa mercure buva mu birombwe bito bito bimbamwo ubutare ngo bwikuvye kabiri mu myaka umunani iheze.

ONU isaba ko hoba amasezerano mpuzamakungu yo kugabanya iyononwa ry'umwuka n'ubumara bwa mercure, bubangamira cane abana bakiri bato hamwe n'abagore bibungenze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.