BBC navigation

Umunsi "wirabura" muri Uganda

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa mbere, 2013 - 16:22 GMT
Uruja n'uruza mu muji wa Kampala

Uruja n'uruza mu muji wa Kampala

Abarwanya ruswa muri Uganda bagize imyiyerekano bambaye impuzi zirabura, kuri uyu wa Mbere bise "uwirabura" kubera umubabaro batewe no kurya ruswa muri ico gihugu.

Bakwiye amabarabara ya Kampala bitwaje ivyandiko bigizwe n'amabara yirabura.

Bari bitwaje kandi amasanamu ariko amarabara ameze nabi, abantu basa n'abashonje, bakavuga ko ivyo vyose ari ingaruka za ruswa irangwa mu bakozi ba leta.

Abiyerekana barimwo kandi abantu bakomeye, nk'uwigeze kuba Musenyeri mukuru wa diyoseze ya Kampala, Musenyeri Isac Niringiye.

Abagize amashirahamwe arwanya igiturire muri Uganda bateguye iyi myiyerekano, bavuze ko bazoja barambara impuzu zirabura buri wa mbere, bakanategura ibikorwa nk'ibi.

Ikibazo c'igiturire muri Uganda catanguye kuvugisha benshi kuva aho hasohokeye ivyegeranyo mu mwaka uheze, vyerekana inyuruzwa rikomeye ry'amahera avuye mu makori hamwe no mu mfashanyo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.