BBC navigation

Ghana: Umukuru w'igihugu mushasha yarahiye

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa mbere, 2013 - 12:53 GMT
John Dramini Mahama

John Dramini Mahama

Umukuru w'igihugu mushasha wa Ghana, John Dramini Mahama, yarahiriye kurongora ico gihugu mu birori vyitabwe n'ibihumbi vy'abantu ku murwa mukuru Accra.

Bwana Mahama yatsinze bitamworoheye mu kwezi guhe, aronka amajwi ari hejuru gatoyi ya mirongo itanu kw'ijana.

Umugamwe mukuru mu yitavuga rumwe na leta, NPP, wanse kwitaba ibirori vy'uno munsi ukavuga ko ufise ibimenyetso vy'uko amatora yibwe.

Uwo mugambwe ubu uramaze gushikiriza urubanza muri sentare.

Ariko indorerezi z'ayo matera, ziramaze kumenyesha ko yabaye ku mugaragaro kandi ko ata karenganyo kayagaragayemwo.

Leta ya Ghana ivuga ko kuba hitavye abakuru b'ibihugu vya Afrika bashika 11, harimwo abakuru ba Nigeria na Afrika y'epfo, ngo vyerekana ko bashigikiye ivyavuye mu matora.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.