BBC navigation

Ubuhinde bugiye kongera igitigiri c'abapolisikazi

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa mbere, 2013 - 13:59 GMT

Abapolisikazi muri Dheli

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Buhinde Sushil Kumar Shinde, yavuze ko abapolisi b'agagore bazoshirw aku bigo vyose muri Dheli.

Ngo bagiye kandi kongereza igitigiri c'abapolisi b'abagore mu gihugu cose.

Leta y'Ubuhindi yakomeje kostwa igitututu ngo ikomeze umutekano w'abakobwa n'abagore kuva aho umukobwa yahohotewe n'abagabo batandatu bihitanye ubuzima bwiwe.

Urubanza rwa batanu mur'abo bagabo ruzotangura ejo kuwa gatandatu.

Uwundi aracakorwako itohozwa ngo barabe ko imyaka yavuze ko afise ariyo, ngo bimenyekane niba shobora gukurikiranwa muri sentare imwe n'abo bafatanije icaha.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.