BBC navigation

Syria:jenerari Shalal yataye igisirikare

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:18 GMT

General Abdul Aziz Al Shalal

Jenerari Abdul Aziz al-Shalal aravuga kw'igisirikare ca Syria kitariko kirakingira igihugu, ahubwo cahindutsemwo imirwi y'abicanyi.

Jenerari Shalal, ari nawe musirikare afise ipete rinini amaze kuva ku gisirikare ca Syria kuva hatanguye indyane mu myaka ibiri irangiye, bivurwa ko yagiye muri Turkiya.

Umwe mu bajejwe umutekano muri Syria aravyemeza ko bwana Shalal yahunze ariko akavuga yari mu kuja mu karuhuko k'izabukuru, ari nayo mpamvu yikuye ku gisirikare kugira yiyerekane nk'intwari.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.