BBC navigation

Umuriro mw'iduka ya Lagos muri Nigeria

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:35 GMT

Imyotsi iturutse mu nyubakwa yahiye muri Lagos

Umuriro watongoye iduka n'izindi nyubakwa iruhande bikekwa ko watangujwe n'icaturikiye mu bubiko, gikekwa kuba ivyo bita feu d'artifice biraswa hejuru bikaka imbeya.

Imbeya zatandukiriye izindi nyubakwa mur'ako gace gasanzwe kabamwo abantu benshi.

Uwo muriro woba wahitanye umuntu ugakomeretsa abagera ku 30.

Abajejwe gutabara bavuga ko bagize ikibazo co gushikira abo bashaka gufasha kubera ubwinshi bw'abantu n'urutavanako rw'imodokari.

Mu gihe ca Noel n'umwaka mushasha muri Nijeriya bakunze gukoresha feu d'artifice canke fireworks mu kwinezereza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.