BBC navigation

Obama yahamagariye Kagame guhagarika gufasha M23

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 16:36 GMT
Prezida Barack Obama

Prezida Barack Obama

Umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yahamagariye mugenzi we w'u Rwanda, Paul Kagame, guhagarika imfashanyo yose aha abarwanyi muri Kongo.

Ibiro vy'umukuru wa Amerika, White House, vyavuze ko Prezida Obama yaterefonye bwana Kagama ejo kuwa Kabiri, aho yamubwiye ko ashima utwigoro twiwe two kurondera amahoro.

Umugwi M23 uridegemvya mu buseruko bwa Kongo, naho hari abasirikare benshi ba ON bahagarariye amahoro.

Icegeranyo ca ONU giheruka gusohoka cagiriza u Rwanda gufasha abo barwanyi, ariko rurabihaka.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yasavye umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika gushirako intumwa idasanzwe ya Amerika muri Kongo, akanahagarika imfashanyo ku Rwanda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.