ANC yasubiye gutora Jacob Zuma ngo ayitware

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 11:53 GMT
Jacob Zuma azobandanya ari umukuru wa ANC

Jacob Zuma

Umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, yasubiye gutorwa ngo arongore umugamwe uri ku butegetsi, African Nationa Congress (ANC).

Iyi ntsinzi, nta nkeka ko isigura ko azosubira kurongora Afrika y'epfo iyindi myaka itanu.

Ivyavuye mu matora y'intumwa za ANC vyerekana ko bwana Zuma yatsinze n'amajwi ashika hafi ibihumbi bitatu ku gihugumbi kimwe c'uwo bahiganwa, icegera ciwe Kgalema Motlanthe.

Motlanthe yari yahisemwo guhiganwa na Zuma mu gihe uyu mukuru w'igihugu yakekwa kurya ruswa.

ANC yatoye umutunzi w'umugwizatunga, Cyril Ramaphosa, ango abe icegera ca bwana Zuma.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Afrika y'epfo avuga ko bamwe bazobona bwana Ramaphosa nk'umuntu aciye bugufi, azofasha kunagura ubutunzi bw'igihugu.

Imbere y'uko Nelson Mandela ava mw'ibohero mu 1990, bwana Ramaphosa yari umukuru w'ishami rya ANC, Mass Democratic Movement, mu gihe abakuru ba ANC bari mu buhungiro.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.