BBC navigation

Jacob Zuma yuguruye inama y'umugambwe ANC

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 16:07 GMT
Jacob Zuma

Jacob Zuma

Umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo yagwanye ku bikorwa vyiwe igihe yugurura inama y'umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, African National Congress (ANC).

Umugambwe ANC uri mu nama yawo idasanzwe aho abanyamugambwe bagomba gutora umukuru mushasha.

Iyo nama iba buri myaka itanu, ibera ahitwa Manguang aho uwo mugambwe washingiwe ubu haciye imyaka ijana.

Umukuru w'igihugu Jacob Zuma ahiganirwa ico kibanza n'icegera ciwe, Kgalema Motlanthe.

Ariko umwe mu batunzi ba mbere muri Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yashigikiye bwana Zuma mu kwitoreza kuba icegera c'umukuru wa ANC.

Bwana Ramaphosa yakoze igikorwa gikomeye mu guhindura ubutegetsi bukaba ubwa ba nyamwinshi b'abirabure.

Yagiye imbere mu barongoye amashirahamwe y'abakozi mu minsi ya nyuma y'intwaro ya apartheid ivangura amoko, anaja mu myumvikano yo guheraheza ubutegetsi bw'abazungu.

Ariko aho atsindiwe na Thabo Mbeki mu matora yo gusubirira Nelson Mandela mu kibanza c'umukuru w'igihugu, yaciye aja mu bugwizatunga, ashinga ishirahamwe ry'inganda Shanduka Group.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.