BBC navigation

Impunzi mu buseruko bwa Kongo zimaze kurenga ibihumbi 800

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 10:21 GMT
Impunzi mu buseruko bwa Kongo

Impunzi mu buseruko bwa Kongo

Amashirahamamwe y'abagiraneza amenyesha ko impunzi mu buseruko bwa Kongo ziyongereye cane kubera imirwano iheruka.

Ishirahamwe Medecins Sans Frontieres (MSF) ryabariye BBC ko ubu haharurwa abantu 800 000 bateshejwe izabo mu ntara ya Kivu y'uburaruko.

Ivyo bivuga ko izo mpunzi ziyongereyeko ibihumbi amajana atatu ku zari zisanzwe muri ako karere.

Mu kwezi guheze ako karere kabereyemwo imirwano hagati y'abasirikare ba leta ya Kongo n'abarwanyi ba M23.

MSF ivuga ko izo mpunzi zikeneye amahema hamwe n'ibindi bikoresho, ngo kandi usanga hari abahunze inkambi zimwe bakaja mu zindi muri iyi myaka iheze hari imirwano.

Umugwi M23, ugizwe ku ruhande rumwe n'abasirikare biyonkoye kuri leta ya Kongo, wagabishije ko ushobora gutembagaza leta nyuma yo gufata umuji wa Goma mu kwezi guheze, ukaza kuwurekura nyuma y'indwi zibiri.

Imirwano hagati y'abasirikare ba leta na M23 ubu isa n'iyahagaze, impande zombi zikaba ziriko zirategura ibiganiro mu gihugu kibanyi ca Uganda.

Ariko abanyamakuru bahegereye bavuga ko bitokwizerwa ko imirwano izohagarara rwose, abantu bashobore gusubira mu ngo zabo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.