BBC navigation

Misiri: Abatavuga rumwe na leta babandanya imyiyerekano

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 11:06 GMT
Imyiyerekano mu Misiri

Imyiyerekano mu Misiri

Abatavuga rumwe na leta mu Misiri bagize imyiyerekano ijoro ryose hafi y'ikirimba c'umukuru w'iguhugu nyuma yaho bameneye uruzitiro rwababuza.

Ibihumbi vy'abantu bakoraniye hafi y'ikirimba bamaze kwiyamiriza ibiganiro vyasabwe n'umukuru w'igihugu Mohammed Morsi.

Abakuru b'abatavuga rumwe na leta bavuga ko bwana Morsi yanse kugira ico ahindura ku ngingo yiwe yo kwiha ububasha bw'ikirenga, hamwe n'amatora ya kamarampaka ku ntegura y'ibwirizwa shingiro rishasha.

Umwe mu bategetsi bo hejuru yavuze ko umukuru w'igihugu ashobora kwigiza inyuma ayo matora.

Hakurikijwe amategeko ya Misiri, amatora ya kamarampaka ategerezwa kuba mu ndwi zibiri nyuma yo gushikiriza umukuru w'igihugu ibigomba gutorwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.