BBC navigation

Burundi: Abaforoma bari mu myigaragambyo

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 16:08 GMT
I Bujumbura

I Bujumbura

Mu Burundi, abafaroma bahurikiye mw’ishirahamwe Synapa bahagaritse akazi basaba ko boronswa uturusho bemerewe na reta haraheze imyaka itatu.

Basaba ko hoba ibiganiro bibahuza na reta kuri ico kibazo, no kubindi batmvikanako harimwo politike yo kunganisha imishahara n’ingene amashure yigisha ivyo ubuvuzi atunganijwe.

Ihagarikwa ry’akazi nkiri ryaheruka mu 2010, aho na ho nyene basaba utwo turusho.

Ku bitaro twashoboye gutemberera mu gisagara ca Bujumbura, ivyitiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore canke Regent Charles, abaforoma bari bagandagaje hanze, ariko bakaba bariko barakora imirimo ibayabaye yo kwakira abaremvye canke abasanzwe bari mu bitaro.

Abarwayi twavuiganye, bakaba bari babuza ayo bacira n’ayo bamira.

Umukuru wa syndacat y’abaforoma Melance Hakizimana, avuga ko icatumye bahagarika akazi ari uko reta itubahirije amasezerano bagiriraniye yo kubaha uturusho, ibitaro bakoramwo bikaba ari vyo bihagirira ingorane.

Ikindi kibazo ngo bategerezwa kubanza kuganira n’icerekeye ukunganisha imishahara. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, bamenyesha ko umushikiranganji aburongoye azogira ico abivuzeko kuri uyu wa kabiri. Abaforoma bari mu Burundi bashika ibihumbi 6, bakaba baheruka guhagarika akazi mu ntango 2010, kuri ico kibazo nyene c’uturusho reta ibaheraniye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.