BBC navigation

Syria: hishwe abana 10

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:44 GMT
cluster  bombe

Bombe itekeye izindi(cluster bomb)

Muri Syria abagwanya leta bavuga ko abana 10 bahitanywe na bombe ziba zitekeye izindi bombe nyinshi(cluster bombs mu congereza canke bombes a sous-munitions mu gifaransa).

Video ata buryo bwo guhinyuza iyo yafatiwe yashizwe kuri interenet n'abagwanya leta yerekana izo bombe ahitwa Deir al-Asafir mw'ikambi ya gisirikare ya Marj al-Sultan.

Abatavuga rumwe na leta bavuga ko indege ya leta yarekuriye iyo bombe itekeye izindi ku kibuga c'inkino yica abana 10.

Muri aya mezi aheze bivugwa ko igisirikare ca leta gisigaye gikoresha izo bombe zitejeye izindi ubwo intambara iguma ikomera ariko leta irabihakana , nk'uko bivugwa n'umuyamakuru wa BBC Jim Muir.

Abagwanya leta ya Syria bavuga ko hamaze gupfa abantu barenga 40.000 kuva hatanguye imigumuko yo kwiyamiriza leta ya prezida Bashir al Assad mu kwezi kwa gatatu mu 2011.

ONU ivuga ko abanyeSyria bamaze guhungira mu bihugu bibanyi barenga 400.000. abarenga milioni 2.5 nabno bakaba barateshejwe izabo mu gihugu hagati.

Ingene bombe itekeye izindi ikora:

1. Bombe zitegeye izindi ubundi zikororwa n'indege kandi zigashobora kugenda ibilometero vyinshi imbere y'uko zuguruka ngo zirekure ayandi ma bombe menshi mato mato ziba zitekeye.

2. Iyo bombe itangura kuzunguruka igaca yuguruka iri hagati y'imetero igihumbi (1000m) n'ijana (100m) igakwiragiza za mbome ntonto mu karere kani cane.

3. Imwe muri ayo ma bombe mato mato ingana n'igikopo c'inzoga (can) ikaba iba irimwo utugegene tw'ivyuma amajana n'amajana. Ituritse, ishobora gukomeretsa umuntu gushika aho apfa kuva aho iturikiye gushika ku metero 25(25m)

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.