BBC navigation

Ikibazo c'amafaranga mu bategetsi ba Bulaya

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:44 GMT

Amabendera y' ibihugu vya Bulaya

Ubwongereza buvuga ko umukuru wa leta y'Ubudagi Angela Merkel, yasa n'uwuhengamiye ku cifuzo co kugabanya amafaranga leta ziteganya gukoresha.

Ivyo ngo yabigaragaje igihe yahura n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron.

Abenshi mu bategetsi ba Bulaya bashigikiye kw'amafaranga ama leta ateganya gukoresha mu kiringo co kuva mu 2014 gushika 2020 yokongerezwa.

Abaserukira ishirahamwe rya Bulaya basavye abakuru b'ama leta kutarindira gushika mu mwaka uza imbere yo kwemeza iyo nteguro y'amafaranga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.