Gaza:Israel irahagarika ibitero,bivugwa n'umukuru wa Misiri

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:44 GMT
Ibitero muri Gaza

Mu ndwi imwe, ibitero vya Israel muri Gaza bimaze guhitana abanyepalestina baranga 110

Umukuru wa Misiri (Egypte) Mohammed Morsi yavuze ko yizigiye ko ibitero vy'indege vya IUsrael ku ntara ya Gaza bija guhagarara kuri uyu wa kabiri.

Misiri yariko iragerageza guhagarika intambara.

Ivyo prezida Morsi yabishikirije nyuna y'aho Israel imenyeshereje ko ibaye irabangaira ku bitero vyo hasi kugira ihe amahigwe ibiganiro vy'i Cairo vyo guhagarika intureka.

INtambara yatanguye ku wa gatatu uheze igihe Israel yica umukuru wa gisirikare mu muhari Hamas ivuga ko yashaka kurangiza ibitero vya rocquettes.

Abanyepalestina barenga 110 baramaze gupfa, mu gihe iyo ntureka imaze guhitana abanyeisrael 3.

N'umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon nawe nyene yari asanzwe mu karere kugerageza gufasha guhagarika intambara intureka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.