BBC navigation

Abahitanwa n'intambara i Gaza bariyongera

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 16:59 GMT
Abantu bashungereye ku nyubawa yatewe igisasu na Israel i Gaza

Abantu bashungereye ku nyubawa yatewe igisasu na Israel i Gaza

Abajejwe intwaro bavuga ko igisasu catewe na Israel cahitanye abantu cumi bari kumwe mu nzu i Gaza, uno munsi wa Mungu ukaba ariwo wabayemwo imirwano ikomeye cane.

Abanyamakuru ba BBC bari i Gaza bavuga ko ico gitero catumbereje umwe mu bategetsi ba Hamas ngo kandi hari abana cahitanye.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yavuze ko Israel yiteguriye kwongereza ibikorwa vyo kurwanya Hamas.

Abarwanyi b'i Gaza babandanije gutera ibisasu vya rocket muri Israel, hakaba hari abakomeretse mu miji ya Ashkelon na Ofakim.

Amakuru ava ku mpande zombi avuga ko utwigoro tw'uko imirwano yohagarara tukibandanya.

Amakuru avuga ko kuri uyu wa Mungu honyinye abantu 19 aribo bishwe n'amabombe ya Israel itera muri Gaza.

Muri abo bose, icenda bari abana bane nabo bari abagore, ayo makuru akaba yatanzwe n'abajejwe amagara i Gaza.

Gushika ubu abamaze guhitanwa n'ibiteo vya Israel i Gaza kuva kuwa gatatu bashika 65.

Abanye Israel batatu nibo bishwe ku munsi wa kane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.