BBC navigation

Kayumba Nyamwasa arasabirwa kwamburwa ubuhunzi

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa cumi, 2012 - 13:18 GMT

General Kayumba Nyamwasa

Iyo mirwi ivuga ko General Kayumba yahoze ar'umukuru w'ingabo z'Urwanda adakwiye guhabwa ubuhunzi kuko aronderwa n'ubucamanza bwa Espagne n'ubw'Ubufaransa.

General Kayumba arerwa uruhara mu bwicanyi bwakorewe abanyagihugu mu Rwanda no muri Congo, kubw'iyo mirwi, ngo akaba adakwiye gukingirwa n'amategeko agenga impunzi muri Afrika y'Epfo.

Iyo mirwi iharanira agateka ka zina muntu iravuga ko Kayumba Nyamwasa adakwiye gusubizwa mu Rwanda aho ubuzima bwiwe bushobora kubangamirwa.

Ariko ngo akwiye kwitaba ubucamanza mu Bufaransa canke muri Espagne.

Leta y'Urwanda iratungwa agatoke ko yashatse kugandagura Kayumba Nyamwasa incuro kabiri kuva ashitse muri Afrika y'epfo mu 2010.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.