Umwiyahuzi yishe abarenga 40 muri Afghanistan

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi, 2012 - 11:38 GMT
Abapolisi ba Afghanistan batwaye kwa muganga uwakomeretse

Abapolisi ba Afghanistan batwaye kwa muganga uwakomeretse

Umwiyahuzi mu buraruko bwa Afghanistan yishe abantu barenga mirongo ine, akomeretsa abandi benshi bagizwe ahanini n'abapolisi.

Bivugwa ko uwo mwiyahuzi yari yambaye umwambaro w'igipolisi igihe yaturitsa ico gisasu ku musigiti uri mu muji wa Maymana.

Buramatari w'iyo ntara hamwe n'abandi bategetsi bo hejuru, bari mw'uwo musigiti ngo ariko ntaco babaye.

Ico gitero gikurikiye ubundi bwicanyi bumaze iminsi muri ako karere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.