Nkosazana Dlamini-Zuma ashikiriye amabanga

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi, 2012 - 13:47 GMT
AU

Nkosazana Zuma asubiriye umunye Gabon Jean Ping

Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze ari ministre muri leta ya Africa y'Epfo kuri uyu wa mbere niho yashikira icese amabanga yo kuba umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Africa Union Africaine.

Dr Nkosazana Dlamini-Zuma- yahoze ari umugore w'umukuru wa Africa y'Epfo, Jacob Zuma-ni we mugore wa mbere agiye muri ico kibanza.

Iyo mirimo imituma kuzokora uko ashoboye kugira atore umuti w'ibibazo vyihuita vyugarije Africa harimwo intambara muri Mali na Congo Kinshasa, hamwe n'ubwoba ko Sudan zompi zishobora gusubira mu ntambara.

Mu kiringo kirekire yakoze muri leta ya Africa y'Epfo, Nkosazana Dlamini-Zuma yarabaye ministre ajejwe amagara y'abantu, uw'itwaro yo hagati mu gihugu hamwe n'uwujejwe imigenderanira ya Africa y'Epfo n'amakungu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.