Msri: Imigumuko yiyongereye muri Cairo

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi, 2012 - 15:01 GMT

Imyiyerekano iCairo mu kwezi guheze

Bubaye ubwa mbere haba imigumuko nk'iyi kuva umukuru w'igihugu aturuka mu mugambwe w'aba islam ariko afatwa ko atar' intagondwa Mohammed Morsi aja ku butegetsi.

Iyo migumuko ije mu gihe havurwa indimi zibiri ku bijanye no gukura ko ivyaha abahoze ku butegetsi ku gihe ca Hosni Mubarak, barerwa ibitero vyagabwe ku bariko biyamiriza ubutegetsi.

Imyiyerekano yari yahamagajwe n'umugambwe Muslim Brotherhood, igasaba ko umushikirizamanza mukuru atanga imihoho.

Bwana Morsi yaraye amukuye mu mabanga yiwe, ariko nawe yanka kuhava.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.