BBC navigation

Uburusiya busaba insiguro Turkiya.

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa cumi, 2012 - 13:30 GMT
Indege y'ingezi ya Syria yategetswe kugwa muri Turkiya

Indege y'ingezi ya Syria yategetswe kugwa muri Turkiya

Uburusiya busaba insiguro Turkiya y'igituma yahagaritse indege yari ivuye i Moscow igiye i Damas muri Syria, ikayitegeka kugwa muri Turkiya.

Ubushikiranji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire buvuga ko kuba indege z'igisirikare za Turkiya, zahagaritse iyo ndege ngo vyatumye ubuzima bw'ingezi bubangamirwa.

Syria yavuze ko ivyo vyakozwe ari igikorwa gisa n'ubusuma.

Turkiya ivuga ko yakeka ko iyo ndege yari itwaye ibirwanisho bigenewe Syria, kandi yarafatiwe ibihano biyibiza kugura ibirwanisho.

Ivuga kandi ko imwe mu mizigo iyo ndege yari itwaye yafatiriwe.

Igiko co mu Burusiya kigurisha ibirwanisho cabariye BBC ko iyo ndege ata birwanisho yari itwaye.

Ibiro vy'Uburusiya bitara amakuru, Interfax, bivuga ko iyo iba ari ibirwanisho bishiriwe Syria, ngo vyari gucishwa mu nzira zizwi n'amategeko, ngo ntivyari gushirwa mu ndege itwara ingenzi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.