BBC navigation

Desmond Tutu yaronse agashimwe ka Mo Ibrahim

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cumi, 2012 - 15:12 GMT

Musenyeri Desmond Tutu

Inararibonye y'umusenyeri wo muri Afrika y'epfo yarwanije intwaro y'Apartheid, musenyeri Desmond Tutu, yahawe agashimwe n'ikigo gushigikira intwaro ibereye muri Afrika.

Ikigo Mo Ibrahim kigereranya Musenyeri Desmond Tutu yahawe ako gashimwe kadasanzwe ka miliyoni y'ama dollars, nk'umwe mu banyafrika bagejeje amajwi yabo kure mu guharanira ubwisanzure.

Kivuga ko uwo mukambwe yar'amaze kuronka n'agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel , ubuzima bwiwe bwose abumaze aharanira ubutungane na democracy.

Ikigo ca Mo Ibrahim kigenera buri mwaka agashimwe gaciye miliyoni 5, umuntu yahoze ar'umukuru w'igihugu muri Afrika, yerekanye umurava udasanzwe mu butegetsi kandi akahava ata guhigimanga.

Ako gashimwe kamaze gutwangwa incuro zitatu gusa mu myaka 7 ico kigo kimaze

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.