Dioncounda Traore wa Mali yatahutse

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa karindwi, 2012 - 11:06 GMT
Umukuru w'igihugu ca Mali, Dioncounda Traore

Umukuru w'igihugu ca Mali, Dioncounda Traore

Umukuru w'igihugu ca Mali, Dioncounda Traore yatahutse avuye i Paris nyuma y'amezi abiri adahari.

Yari agwariye i Paris nyuma yaho akomerekeye akubiswe n'abashigikiye abatembagaje ubutegetsi mu kwezi kwa Gatatu.

Umunyamakuru Idrissa Fane yabariye BBC ko bwana Traore yakiriwe n'isinzi ry'abantu ku kibuga c'indege, ngo kandi vyaboneka ko ameze neza.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko afise akazi katoroshe ko gutorera umuti ikibazo ca politike catewe n'itembagazwa ry'ubutegetsi hamwe n'abitwajwe ibirwanisha ba ki Islam mu buraruko.

Abarwanyi b'aba Tuareg hamwe n'aba ki Islam bunyuye ibintu nyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi mu kwezi kwa Gatatu, bigarurira uburaruko bw'igihugu, ariko urunani rwabo rudashemeye rwarasambutse.

Ubu abarwanyi ba Al Qaeda bagenzura imiji itatu mikuru muri ako karere, ariyo Timbuktu, Gao na Kidal.

Ibihumbi vy'abantu barahunze akarere ko muburaruko bwa Mali.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.