BBC navigation

Ubuholandi bwahagarikiye imfashanyo u Rwanda

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa karindwi, 2012 - 14:33 GMT
Abasirikare ba M23

Abasirikare ba M23

Ubuholandi bwahagaritse imfashanyo bwaha u Rwanda, kubera ivyagiriji vyo gufata mu mugongo umugwi urwanya leta ya Kongo.

Ubuholandi bwahora buha u Rwanda amahera imiriyoni zitanu z'ama Euro yo guterera mu ngengo y'imari.

Ibi bigizwe n'ico gihugu, bikurikiye ivyagizwe na leta zunze ubumwe za Amerika mu ndwi iheze, aho zahagarikira u Rwanda imfashanyo y'amahera ibihumbi 200 vy'ama dollar yo gufasha mu rwego rw'igisirikare.

Ubuholandi nico gihugu ca mbere c'i Buraya gifatiye leta y'u Rwanda icemezo kubera ivyagiriji vyo gusoza intambara muri Kongo.

Iki kandi ni ikimenyetso ca mbere ku rwego rw'ubutunzi, cerekana ko Paul Kagame ashobora kuba ariko aratakaza zimwe mu ncuti ziwe z'i Buraya.

Imfashanyo itaja muri leta izobandanya

Ubushikiranganji bw'Ubuholandi bujejwe imigenderanire bwemeje ku butazosubira guha u Rwanda amahera imiriyoni 5 z'ama euro, gushika rutomoye neza uko ibintu vyifashe.

Iyi ngingo ije nyuma y'icegeranyo c'abahinga ba ONU, cagirije u Rwanda gufata mu mugongo umugwi w'abarwanyi wa M23 mu buseruko bwa Kongo.

Ayo mahera yatangwa n'Ubuholandi, yakoreshwa mu guteza imbere urwego rw'ubutungane, ariko Ubuholandi buzobandanya gushigikira ibigo bitegamiye leta bikorera mu Rwanda.

U Rwanda rumenyesha ko rwababajwe n'ingingo nk'iyo ifatiwe ku bintu vy'ibinyoma.

Umushikirananji ajejwe imigenderanire w'u Rwanda, Louise Mushikiwabo, yavuze ko u Rwanda rwariko rurabonana n'abahinga ba ONU banditse ico cegeranyo, ngo rubereke ko ivyo banditse ata shingiro bifise.

Ngo kuba iyo ngingo ifashwe ubu, birababaje kuko ukuri kutaraja ahabona.

Umugwi M23 urwanya leta ya Kongo, uvuga ko ushaka ibiganiro na leta y'ico gihugu, kuko itakurikije amasezerano yo ku tariki 23 z'ukwa Gatatu 2009, ari naho izina ry'uwo mugwi riva.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.