Umubano mubi hagati ya Sudani zompi

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa gatatu, 2012 - 10:51 GMT
Sudan

Umuringoti w'ibitoro muri Sudani

Sudani y'epfo yagiriza Republika ya Sudani ko indege zayo za gisirikare zateye ku rubibe ivyo bihugu bihana, aho batumbereje ahari amariba y'ibitoro ivyo bihugu bipfa.

Ivyahononekariye ntivyashotse bimenyekana, ariko ico gitero gikwirikiye ifatwa ry'amariba ya Heglig na Sudani y'epfo ku munsi wa mbere.

Amariba y'ibitoro niryo soko rikuru ry'ubutunzi bwa Sudani, umunyamakuru wa BBC ari muri Sudani akavuga ko intambara ziri hagati y'ivyo bihugu arizo zambere zikomeye kuva Sudani y'epfo yikukiye mu mwak'uheze

Perezida wa Republika ya Sudani Omar Al Bashir yaciye asivya urugendo rumushikana iJuba muri Sudani y'epfo ahatri kuber' ibiganiro ku kibazo hagati y'ivyo bihugu

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.