Leon Mugesera yanse kubazwa mu kinyarwanda

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa gatatu, 2012 - 17:42 GMT
Leon Mugesera

Leon Mugesera

Abahagarariye ubutungane bavuga ko Leon Mugesera, abwirizwa kubazwa mu kinyarwanda, canke akerekana ko atazi uru rurimi, kugirango abone uburenganzira bwo kwisigura mu rurimi yifuza.

Ibi vyavuzwe mu gihe hari hasigaye iminsi mikeyi ngo urubanza rwa Leon Mugesera rwongere guhamagarwa, ariko ngo ntarabazwa kuko yanse gusubiza mu kinyarwanda.

Ubushikirizamanza bwo buvuga ko ata mpamvu n'imwe ituma Mugesera yifuza kuburana mu rundi rurimi, na burya kimwe mu bimenyetso vy'ivyaha aregwa, ari ijambo yavuze mu kinyarwanda.

Umuvugizi w'ubushikirizamanza Alain Mukurarinda yabwiye BBC ko Mugesera niyerekana ko atacibuka ikinyarwanda, bazoheza bagahindura urwo rurimi.

Uwunganira Mugesera, Donat Mukunzi, nawe avuga kw'ivyo basaba bishingiye kw'ibwirizwa nshingiro, kuko rirekurira umuntu kwiregura mu rurimi ashaka.

Izi mpari ku rurimi yobazwamwo, zishobora gutuma urubanza ruteba kuko kugeza ubu dossier ya Leon Mugesera itaratangwa mu bucamanza kubera ko yanse kwishura ku bibazo ngo ibone gukorwa.

Urubanza rwa Leon Mugesera, ruteganijwe kw'italiki zibiri z'ukwezi kwa kane, uyu mwaka.

Leon Mugesera akwirikiranwa ku vyaha birimwo kugomorera abantu gukora jenoside no kubaha ibikoresho vyo kwicana.

Yamaze imyaka 16 ahanganye n'ubutungane bwa Canada ku kibazo co kujanwa mu Rwanda.

Ibindi kuri Stories from the Great Lakes area

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.